Andi Makuru

Amagana y’abantu yashoboye kuva mu bitaro bya Al-Shifa muri Gaza

Abantu amajana n’amajana harimwo na bamwe mu bagwayi bavuye mu bitaro binini cane vya Gaza ku musi wa gatandatu. Bamwe mu bakozi bo kwa muganga bavuga ko bategetswe kuvayo ariko Israel irabihakana.

Benshi babonetse bariko baratambuka mu mabarabara yuzuyemwo ivyabomotse ku mazu ari na ko amasasu yaguma yumvikana.

Abategetsi ba Hamas bajejwe amagara y’abantu bavuze ko ibintu bibiri vyaturikiye i Jabalia mu buraruko bwa Gaza vyahitanye abantu 80.

Israel yabwiye BBC ko itokwemeza ko yagize igitero kw’ishure yahindutse aho Onu yakirira impunzi ariko ko iriko iragira amatohoza.

Kuri iyo video habonakako abantu barenga 20, kandi abashika nk’ica kabiri cabo bagaragara mu cumba kimwe barambaraye hasi, yerekana kandi ibintu vyinshi vyahononekariye.

Umukuru w’ishami rya Onu rifasha impunzi muri Palestine (UNRWA) Philippe Lazzarini avuga ko yabonye “amasanamu ateye agahinda na video z’abantu benshi bishwe abandi bakomeretse” muri imwe mu mashure iryo shirahamwe “rihayemwo indaro abantu ibihumbi n’ibihumbi bateshejwe izabo”.

Yagize ati:”Ibi bitero ntibishobora kubandanya nk’ibisanzwe, bitegerezwa guhagarara.”

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Hamas buvuga ko abantu barenga 30 bo mu muryango umwe biciwe ahandi hantu i Jabalia, muco bivugwa ko ari ikindi gitero ca Israel.

Igisirikare ca Israel (IDF) nta co kiravuga kuri iyo nkuru ariko kimenyesha ko congereje ibikorwa vyaco muri Gaza, harimwo Jabalia, mu kugira ibitero kuri Hamas.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Hamas buvuga ko igitigiri c’abamaze gupfa i Gaza giteye ku 12.300.

Hari ubwoba ko abarenga 2000 basenyukiweko n’amazu.

Umugwi wa Onu urongowe n’ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu (WHO) wavuze ko al-Shifa ari “nk’ikibanza c’urupfu” inyuma yo kugendera ivyo bitaro inyuma yo guterwa no kuvamwo kw’igisirikare ca Israel.

Uwo mugwi wagenduye ivyo bitaro mu kiringo c’isaha yose, uvuga ko wabonye ivyemeza ko hatewe bombe n’amasase, uranibonera ikinogo rusangi cahambwemwo abantu kw’iyinjiriro ry’ivyo bitaro.

Babwiwe ko harimwo ibiziga vy’abantu 80.

Inyuma y’itegeko ryatanzwe n’igisirikare ca Israel ryo kuva muri ivyo bitaro, abagwayi 300 baremvye cane baracari muri al-Shifa – ibitaro vyahora ari binini kandi biteye imbere muri Gaza.

Umugwi wa WHO uvuga ko uriko uragerageza gutegura gukurayo abagwayi basigayeyo n’abaganga babajane mu zindi nyubakwa i Gaza.

Umumenyeshamakuru ari kuri ivyo bitaro yabwiye BBC ko ari “abagwayi badashobora gutambuka n’igitigiri gito c’abaganga gusa” basigaye inyuma.

BBC

Inkuru bijyanye

Igitekerezo kimwe

  1. Os cassinos clássicos de criptomoedas oferecem um ambiente de jogo puramente baseado em criptomoedas, sem suporte para moedas FIAT. O primeiro cassino nessa área foi Bitcasino.io, fundado em 2011. Ele foi criado em resposta à crescente demanda por um ambiente de jogo completamente anônimo que só é possível com o uso de criptomoedas. O Book of Dead, possui alguns recursos que são bem atrativos, veja abaixo os mais utilizados: Sim, dá para jogar de graça em cassinos online. É possível fazer isso através das versões demo gratuitas dos melhores jogos, que estão disponíveis na maioria dos cassinos online. Ganhe suas 150 rodadas grátis na Playamo hoje mesmo e experimente aventuras emocionantes no cassino. Comece agora e aproveite a sensação de jogar de verdade – com um bônus máximo e muito entretenimento! рџЋ‰
    http://www.v0795.com/home.php?mod=space&uid=2351951
    Ganhe 100% de bônus em sua conta Por último, mas não menos importante, a BetMGM Brasil tem uma oferta de rodadas grátis para seus clientes que fazem parte do plano de fidelidade da plataforma. Existem 11 símbolos ao todo, incluindo um símbolo de dispersão que também funciona como um curinga. Os emblemas são todos inspirados no antigo Egito. Book of Dead pode ser jogado em uma variedade de dispositivos, incluindo smartphones, tablets, PCs e laptops. Foi completamente redesenhado para jogar em dispositivos móveis e é sempre divertido jogar em movimento. O aumento do nível de compatibilidade móvel, bem como a alta qualidade da apresentação do jogo nesse formato, certamente atrairão o crescente número de jogadores que apostam em seus smartphones e tablets. Home » Jogos por Cointelegraph Brasil » Cointelegraph Portugal » Melhores Casinos Sem Verificação em Portugal – Jogar Anónimo em Casinos Sem KYC

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button