Andi Makuru

Papa Francis yemeye ko Afurika yafatwa ukwayo ku bibazo by’abatinganyi

Papa Fransisko avuga ko abasenyeri bo muri Afrika “bafatwa ku buryo bwihariye” ahereye ku buryo bamaganye icyemezo cye cyo guha umugisha abaryamana bafite ibitsina bisa.

Cyakora agumana icyizere ko buhoro buhoro bose bazagenda babyumva bagahuza n’umurongo wa Kiliziya.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru cyo mu Butaliyani, Papa yavuze ko abayobozi ba Kiliziya gatulika muri Afrika n’abayoboke babo babona abahuza ibitsina bafite ibisa, nk’ishyano “ikintu kibi cyane” uhereye ku mico yabo.

Avuga ko inyandiko nshasha yo mu kwezi gushize Fiducia Supplicants, yari ifite intumbero “yo guhuriza hamwe atari iyo guca ibice muri Kiliziya”.

Papa Francois yavuze ko adatewe umutima uhagaze n’uko abakigendera mu nzira za kera bakwitandukanya na Kiliziya Gatulika kubera izo mpinduka, akemeza ko ibyo bivugwa n’itsinda rito cyane’.

Igihe Vaticani yemerera guha umugisha ababana bafite ibitsina bisa hamwe n’abubakanye mu buryo butemewe n’amategeko, yabaye inkuru yavuzwe cyane mu binyamakuru byinshi ku isi yose.

Ingingo y’imbonekarimwe yatumye abakatolika ku isi yose bagwa mu rujijo. Hagati aho, nk’uko Jean-Paul Messina umwalimu muri kaminuza ndetse akaba n’umuhanga mu bijyanye n’ahashize h’ukwemera kwa gikristu abivuga, “ku bamagana ibintu n’ibindi, ni ibintu byari byitezwe”.

Uyu mwalimu wo muri kaminuza Gatulika ya Afurika yo hagati  avuga ko habaye sinode y’imyaka ibiri yaranzwemwo “ukutumvikana gukomeye hagati y’abayoboye Kiliziya mu bihugu by’Uburengerazuba n’abayiyoboye muri Afrika, neza na neza biturutse kuri iki kibazo cyo guha umugisha abubakanye bafite ibitsina bisa, abahukanye cangwa abahukanye bagasubira kwubakana”.

Ni ikintu gishyigikiwe na Papa Fransisko ariko kikarwanywa n’abepiskopi ba Afrika n’ab’ahandi. Ku bwabo, ibihugu by’Uburengerazuba bishaka guhatira aanyafrika kwemera ubutinganyi.

“Fiducia supplicans”

Kubwa Vaticano, urwandiko “Fiducia supplicans” ni inyishu ku basaba imihezagiro ku bantu babiri, n’aho boba bubakanye “mu buryo buteye kubiri n’amategeko”.

Uru rwandiko rw’impapuro umunani rurasigura neza ko iyi mihezagiro “idategerezwa gutegurwa n’abarongoye Ekleziya nk’uko bisanzwe mu migirwa ya Ekleziya kugira ngo ntihabe ukuyitiranya n’umuhezagiro nyawo w’Isakaramentu ryo kwubaka rukristu”. Bitegerezwa gukorwa “hanze ya Liturujiya”.

Umukuru w’igisata kijejwe inyigisho z’ukwemera, Karidinali Victor Ferandez, asobanura ko “inyigisho zijanye n’ukwubaka rukristu zidahinduka kandi ko ino mihezagiro idasigura ko Ekleziya yemeye uno mubano” w’abafise ibitsina bisa.

Ku bwiwe, “imigirwa n’amasengesho bishobora guteza ukuzazanirwa hagati y’umugirwa wo kwubakana rukristu hamwe n’ibiwuvuguruza ntivyemewe”.

“Fiducia supplicans” yibutsa ko, kubw’“inyigisho kama za Katolika”, imibonano mpuzabitsina yonyene yemewe ni hagati y’umugabo n’umugore bubakanye rukristu.

Umuhezagiro ku bacikiye canke ku bafise ibitsina bisa ntushobora na gato kwitiranywa n’isakaramentu ry’ukwubaka rukristu hagati y’umugabo n’umugore.

Ariko, Vaticano iraha uburenganzira abapatiri kwihitiramwo bo nyene ingingo, bihweje ikibazo ca buri muntu kandi “ntibategerezwa gukumira canke kuzibira abantu bashaka kwiyegereza Ekleziya uko bazoba bameze kwose mu gihe bazoba bashaka gusaba ubufasha bw’Imana biciye ku muhezagiro usanzwe”.

“Fiducia supplicans” ni urwandiko rudatomoye rutatevye guteza impari mu banywanyi ba katolika, bituma abarongoye Ekleziya Katolika muri Afrika barwiyamiriza.

BBC

Inkuru bijyanye

Back to top button