Andi Makuru

Nairobi: 2 bapfuye abarenga 200 bakomerekera mu iturika ry’ikamyo y’amacupa ya gaze.

Umuriro mwinshi wadutse utewe n’iturika ry’imodoka yarimwo amacupa ya gaze ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairoibi wahitanye abantu babiri n’abandi barenga 220 bakomeretse.

Umuvugizi wa reta avuga ko uno muriro watewe n’ ikamyo yari yuzuye amacupa ya gaze yaturitse hafi y’akarere gatuwemwo n’abantu “ituma haduka urubeya runini rw’umuriro”.

Abategetsi bavuga ko igihe iki giturika caduka imbere gato y’isaha zitandatu z’ijoro, amacupa yariko aruzuzwa gaze mu karere ka Embakasi.

Imbere y’aha, umuvugizi wa reta yari yavuze ko iki giturika cabereye ku ruganda rwa gaze. Icateye iri sanganya ntikiramenyekana.

Ishirahamwe Croix Rouge muri Kenya rivuga ko abantu 271 bashikanywe ku “bigo vy’ubuvuzi” mu bice bitandukanye vy’umugwa mukuru, abandi 27 nabo bakaba batabariwe aho iri sanganya ryabereye.

Umuvugizi wa reta Isaac Mwaura avuga ko ibi vyabereye ku kigo Kentainers Company ltd hafi ya Kabansora muri Embakasi mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nairobi.

Bivugwa ko uno muriro warandagaye mu mihana itari mike, ibituma haba ubwoba ko ibitigiri vy’abapfuye n’abakomeretse bishobora kwiyongera.

Hampande y’aba bapfuye n’abakomeretse, uno muriro wononye n’inyubakwa z’amaduka hamwe n’amamodokari.

Uno muvugizi wa reta avuga ko ahabereye iki giturika hatekanye kandi ko hashinzwe ikigo co gufahsa mu bikorwa vy’ubutabazi.

Ababibonye babwiye ibinyamakuru vyo muri iki gihugu ko bumvise isi inyiganyiga inyuma y’iki giturika.

Umwe mu bakomeretse, Boniface Sifuna, yabwiye Reuters ivyabaye: “Naturiwe n’icupa ryaturitse igihe nariko ngerageza guhunga.

“Caturikiye neza na neza imbere yanje nca ngwa hasi, ntwikirwa n’umuriro. Ni itombora nagize kubona nashoboye kuhakura agatwe”.

Uwabibonye atashatse kumenyekana izina yabwiye ikinyamakuru Nation ko yumvise “ibiturika binini”, imbeya z’umuriro nini, abantu bakoma akaruru biruka irya n’ino batinya ko hashobora kuba ibindi biturika”.

Umunyamakuru wa Nation aba muri ako karere avuga ko abantu bose bataye amazu yabo inyuma y’iki giturika.

Croix rouge ya Kenya yanditse ku mbuga hwaniro ko abakozi bayo ataco batakoze “kugira ngo bashobore kuzimya uno muriro”.

bbc

Inkuru bijyanye

Back to top button